Umurongo w’urufatiro tuwusoma mu 2korinto1:18-20
Yesu ni we Jambo w’Imana, yamyeho kandi ibiriho vyose vyaremwe na we kuko Imana yakoresha Ijambo ikavuga ngo iki nikibeho kigaca kibaho.
Uko Yesu yahoze n’ubu ni ko ari ntahinduka n’ubu aracarema, muri we vyose birashoboka
Ijambo ry’Imana twasomye riratubwiye ko muri Yesu ari ho hasoherezwa ivy’Imana yasezeranye vyose kandi muri we hariyo ego ntihabayo oya bisobanura ko muri we vyose BISHOBOKA.
Reka twifashishe Ijambo ry’Imana ritwigishe kandi ridutahuze uwukwiye kwitega gusohorezwa iryo sezerano.
Dusome ubutumwa bwiza bwanditswe na Yohana15:7-8
Aha turabona ko uwitega iryo sezerano akwiye kuba ari muri Kristo Yesu kandi amajambo y’Imana akaguma muri we. Birasobanutse ko ari umwana w’Imana, yizeye Yesu Kristo akamwakira nk’Umwami n’Umukiza w’ubungingo bwiwe, kandi akama yezwa n’Ijambo kandi ivyo akabigumamwo.
Mbega uwizeye Yesu biramushobokera?
Ego cane biremera dushobora kubitahura twifashije Ijambo dusoma mu Butumwa bwiza bwanditswe na Luka5:1-11.
Mu gihe kitari ico koroba Yesu yavuze ijambo baroba ifi nyinshi, mu gihe bo bagerageje bikanka mu gihe c’amasaha yo kuroba.
Ntitwoshobora kuvuga inkuru zose zitwereka ko muri Yesu bishoboka kuko ni vyinshi cane. Ba Petero bagendeye ku mazi biremera, abigishwa ba Yesu birukanye abadayimoni mw’Izina rya Yesu Kristo.bahagurukije ibirema n’ibindi.
Reka rero tugume muri Yesu Kristo amajambo yiwe atugumemwo, tu mwizere, dusabe ico dukenye cose tuzakibona, ivyo bizotuma Izina rya Yesu rihabwa icubahiro, bitume natwe tubona uburuhukiro bw’imitima yacu kuko atakuganya canke ubwoba bizogira ikibanza.
Umwami Imana aduhane umugisha
MUNEZERO Aline