Kutiyanduza – Emmanuel Irakoze
KUTIYANDUZA ( Daniyeli 1 :8)
« Maze Daniyeli nagira imigabo mumutima kutazokwihumanisha ivyokurya vy’Umwami canke igiturire yuhira. Nico catumye yinginga uwo mukuru w’inkone kugirango ntiyihumanye ».
Daniyeli n’umwe mubayuda bajanywe mubunyage i babuloni ubwo Nebukadine yatera Yerusalemu . Bagiye mubunyage bakiri bato cane. Daniyeli atoranwa kuba mubiga imico y’i babuloni.
Ariko Daniyeli na bagenzi be Hananiya, Mishayeli na Azariya (Shaduraka, Meshako na Abedinego) bakomeza intangarugero muguhagarara mukwizera kwabo. Abo basore bakiri bato, bari baratojwe kubaha no kwizera Imana ya Isiraheli, Imana yo mw’Ijuru. Mubuto bwabo no mubwenge bwinshi,9 banka kwiyanduriza ibabuloni, kugeza aho bemera no guheba amagara yabo kubera kubahisha Imana yabo.
Ingaruka zo kutiyanduza
1/ Imana ibana nawe muri vyose
iyo ufashe ingingo yo kutiyanduza, Imana ibana nawe muvyo ubamwo, ivyo ukora ndetse ikakurinda.
Daniyeli nabagenzi be bakize urupfu rwumwami Nebukadineza kubera kwanka kwiyanduza, Imana ibahishurira inzozi z’Umwami nubusobanuro bwazo, ibyananiye abandi banyabwenge bose b’Ibabuloni. Daniyeli 2 :23
Shaduraka, Meshaki na Abedunego bakize itanure ry’Umuriro baterewemwo inyuma yo kwanka gwikubita imbere y’Igishushanyo Umwami yahagaritse ngo bagisenge , bemera gushira mukaga ubuzima bwabo, ariko Imana ibana nabo ntaco baba mwitanure ry’Umuriro basohoka ari bazima. Daniyeli 3 :27
Daniyeli yaterewe murwobo rwintare zishonje bamuhora gukiranuka no gusenga Imana ya Isiraheli, ntizagira ico zimugira, asohoka ari muzima. Daniyeli 6 :21-23
2/ Imana ya Isiraheli ihabwa icubahiro
Abami bibabuloni bamaze kubona Imana irikumwe na Daniyeli, Shaduraka na Meshaki na Abedunego ; bubaha kandi bahimbaza Imana yabo, ndetse bashinga ko atayindi Mana izosengwa atari Imana ya Daniyeli nabagenzi be
Daniyeli 2 :46-47 ; 3 :28-30 ; 4 :37 ; 6 :25-27
3/ Nawe ubwawe uhabwa icubahiro ugashirwa hejuru
Ndemeza neza ko ingingo abo basore bafashe yo kutiyanduza ariyo yatumye, Imana igaragara muruhande rwabo, igendana nabo, ibarokora, ibashigikira murivyose, kugeza aho bimenyekana i babuloni ko basenga Imana yukuri kandi yimbaraga ; bituma babizera babagira nabakomeye muri babuloni kandi arabanyagano. Daniyeli 2 :48-49 ; 3 :30 ; 5 :29 ; 6 :28
Abikristo , twakijijwe , twizera kristo, dukwiye gufata ingingo yo kutiyanduza ngo ubu krsto bwacu ntibutosekare, muvyo dukora, muvyo tuvuga, muvyo tubamwo, aho turi hose kuko bihesha Imana yacu icubahiro kandi ingaruka nziza tuzozibona nkuko Daniyeli na bagenzi be bazibonye.
Paulo yanditse muba Tesalonike 1, 5 :23 : Kandi Imana nyene amahoro ibe ariyo ibeza rwose ; kandi impwemu yanyu, nubugingo bwanyu, numubiri wanyu vyose hamwe bizigamwe, ngo bize bisange bitagira umugayo , ah’Umwami wacu Yesu Kristo azozira.
Muhabwe umugisha mwinshi
Ev. Emmanuel Irakoze