kugirirwa ubuntu n’Imana – Ev. NZEYIMANA Prosper
twifashije ijambo ry’Imana riri mu butumwa bwiza bw’ ; Luc 1 : 28. Luc umugiriki akaba umuganga aboneka nk’umwanditsi w’umuhanga niwe munyamahanga wenyene yanditse mubitabo vyo mw’isezerano risashasha yabanye hafi na Paulo kandi yanditse igitabo c’ivyakozwe n’intumwa yandikira umwubahwa théophile.
Turasoma :
Luc 1 : 26-30 ;
KUVAYO 33 : 17 ;
TITO 2 : 11-14 ;
II Ab’i korinto 6 : 1 -4
Malayika abwira Mariya ngo ugiriwe ubuntu , Ubuntu n’iki ? ubuntu nuguhabwa ikintu cagaciro kanini mumaso yawe utari ushoboye kwironsa ubwaye ukagihabwa utagisavye utari ufise nivyizigiro kw’ico kintu wokironse.
- IMANA YACU IGIRA UBUNTU
- Yatumenye kera (KUVAYO 33 : 17 Mose)
- Yaduhaye umwana wayo ikunda (YOHANA 3 :16)
- Yahanaguye ivyaha vyacu vyose
- Turabana b’Imana
- UBUNTU BUTWIGISHA IKI ?
- Kubaha Imana (TITO 2 : 11-14)
- Kwirinda icaha n’igisa naco
- Gukora umurimo w’Imana n’ukwihangana (2 KORINTO 6 : 1-2)
- HARABANTU BATAYE AMAHIRWE BAGIRIWE UBUNTU.
- Abo kuri Nowa (ITANGURIRO 6 :13-22)
- Samusoni (ABACAMANZA 16 1-21)
- Abanyamuji bo mugihe ca Yesu Kristo (LUKA 10 : 13)
Yesu ashimwe cane umuntu afise ico yakiriye akizigame ntitwanjajwe kugakiza kagangana gutyo, uwutarakakira ni igihe ciwe ciza co gucakira ubuntu bw’Iman bubonerwa muri Kirisito Yesu. Murondere ubwami bw’Imana bigishoka ko bubonwa iki nigihe c’ubuntu mwambaze umukiza akiri hafi igihe kizogera ntibibe bigikunda, kuko abamwakiriye bose yabahaye ububasha bwoguka abana b’Imana (YOHANA 1 : 12).
Dusenge Imana
Ev. NZEYIMANA Prosper