Umuntu wese yisuzume ingene areretse – Ev. Dukundame Francine

Umuntu wese yisuzume ingene areretse

Tureretse ijuru risha ni si nsha hama nkuko umugeni yitegurira umukwe agasanga vyose ari sawa yiteguye neza abe ariko natwe twitegurira ukugaruka ku mwami wacu Yesu indirimbo ya 265 mu kirundi ivuga ngo haba mu gitondo abantu bakivyuka haba mu gicugu abantu bakiryamye Yesu yoza rero dukwiye kubaho tutagawa azosange tutariko umugayo aho azozira.

Uwo munsi tuhahamiye kuko ngaha mwisi nta ciza kihari ivyiza biri mw’ijuru ku Mana yacu aho tuzoba ibihe ni bihe atagusonza atakubura abacu ata rwara aho niho dushaka kuruhukira imiruho yo mwisi lmana idufashe.

Nuko rero abatarihana bihane kugira uvyo vyiza vyo muri Yesu nabo bibagereho.abasubiye inyuma nabo aha mwisi nta ciza kihari ivyiza vyose ubisanga muri Yesu amahoro, umunezero,urukundo nya rukundo kuko abisi kenshii barahendana bakunda kubera ivyo bahuriyeko ko bangana ko bansangira ni bindi ariko muri Yesu hari urukundo nya rukundo .

Iyufise ibibazo ubiremeka Yesu indirimbo 47 mu kirundi ivuga ngo nzama nganyira Yesu ibingoye sinzovyihererana ndumwe rero ufise Yesu muri wewe ibibazo vyose abifitiye inyinshu.

Rero umuntu wese yisuzume ingene areretse uwo munsi uzoza giturumbuka atagirako umugayo wo mubuza kumva inzamba ijambo ry’lmana rivuga ngo mube abera nkuko nanje ndu wera twame twiteguye kuko tutazi umunsi ni saha.

Yesu ahe inkomezi abatarihana bihane kugira ngo nabo uwo munsi ntuze ubazeko giturumbuka kandi barumvise ijambo ry’lmana bihane bigishoboka kuko hariho igihe bitazoba bigishoboka. Yesu aduhane umugisha.

Ev. Dukundame Francine