Umutwe w’ijambo : kwibukwa n’Imana ikagutabara kubera ubucuti mufitaniye
Dusome Itanguriro 19: 15-16, 29.
Itanguriro 8: 1
Abo bose bari ahantu hataboroheye mu bibazo ariko Imana irabibuka baratabarwa.
Kubw’ubucuti Aburahamu yarafitaniye n’Imana vyatumye yumva gusenga no kwinginga vyiiwe irokora Loti.
Imana ishimwe iradukunda iyo tuyikunda, tuyizeye tutayiryarya. Urukundo idukunda n’abacu rurabagerako.
Nowa umuntu yokwibaza ngo ko yari mu bwato nta kibazo yarafise ariko nasanze ubwoba buza naho tuba dufise isezerano.
Ubwato buri ku mazi ntibuguma hamwe, burazungazunga tuvuge ko ari bukebuke ariko nk’umuntu yambaye umubiri ubwoba buraza.
Umunsi umwe Imana urabibuka, amazi atangura kugabanuka.
Turafise umutabazi Imana ishimwe.
Natwe birashoboka ko turi mu bintu canke uwawe ari mu bibazo.
Ico twokora nugusenga twinginga, tukizera.
Imana ko itahemukiye abatwitangiye imbere, natwe izodutabara, duhumure.
Uko yari ejo nubu niko iri kandi niko izohora ntihinduka.
Mukurangiza, duhaye kaze abantu batarakira Yesu canke basubiye inyuma mu vyaha, baze abakozi b’Imana babasengere.
Karibu Yesu yababarijwe ivyaha vyawe, aguteze ibiganza ari ku ntebe y’imbabazi.
Abandi duhaye kaze usanga hari abatakaje ukwizera kubera ibibazo bafise, canke vy’umuvandimwe n’incuti bigatuma bihebura bagacika intege namwe turabahaye kaze babasengere Imana ibongere inkomezi.
Murakoze cane Yesu abahe umugisha.
Ev. Nahigombeye Edith