Itanguriro37:5-11
INTANGAMARARA
Imana iyo isezeranye irasohoza bitebe bitebuke.Kandi kugera kuco Imana yavuze birasaba kwihangana no gukiranuka.
* IMANA YACU IRAVUGA
Imana yaganirije Yosefu mu nzozi.Yarose abona bene se bamwunamira bose. Nubwo bamugiriye ishari se yabibitse mu mutima,yumvise ko arivyumumaro.
*IJAMBO IMANA YAVUZE rirageragezwa
Ni byo: ijambo Imana yavuze rirageragazwa: Yosefu abona mu nzozi yunamirwa n’abavukanyi hamwe n’abavyeyi.
✓ Bamugirira ishari (abavukanyi)
✓ Bashatse kumwica, haboneka uburyo bwo kumugurisha kuba Shimayeli nabo bamugurisha kwa Potifari muri Egiputa.
✓ Muka Potifari agomvye gusambana nawe amutana umutamana bimuviramwo kushyirwa muri gereza.
ICO YAVUZE KIRASOHORA IYO UGUMYE UYUBUHA
✓ Aho hose yakomeje kwubaha Imana, ikiganza cayo kibana nawe, Impwemu y’Imana ituma asobanurira inzozi abagaragu b’umwami wa Egiputa, n’Umwami ubwiwe.
✓ Yosefu avanwa muri gereza, aba uwungirije k’Umwami, Ntawahaha adaciye kuri we
✓ Abavandimwe bajya guhaha muri Egiputa, bunamira Yosefu nk’uko Imana yari yarabivuze. Icyo Imana yavuze kirashika. Inyuma y’amageragezwa menshi.
✓ Humura bakundwa ntiducobogore,ico yakuvuzeko izokirinda naho woca mubigoye.
Dawidi mw’Izaburi ya 23 ati naho noca mu mwonga w’igitutu c’urupfu sinzogira ikibi ntiya.Umuntu yizigiye Yesu ntaco azoba.
✓Gushika kuco Imana yavuze bisaba kwihangana no gukiranuka.
1Petero 1:3-11
Umuntu yizeye Yesu akwiye kugira ubwenge
Yosefu ashika mu nzu y’umwami akora akazi bamuhaye aba umwizigirwa.Ariko bimukururira Umwamikazi ashaka kumusambanya aranesha icaha amutana n’umutamana wiwe. Ajanwa mw’ibohero.
*IJAMBO IMANA YAVUZE NTIYIVUGURUZA.
Gereza yamubereyemwo igisubizo.Abahoze arabagaragu b’Umwami bagize inzozi zibatera ubwoba.Yosefu niwe yazibasobanuriye.Nubwo umwana w’umuntu atokwibuka Yesu we ntawe yibagirwa,wa mugaragu yavuye muri gereza ntiyamwibutse ashitse I Bwami. Ariko iteza ikibazo Umwami agira inzozi habura uzisobanura. Wa mugaragu yibuka Yosefu ko ariwe yasobanuye iziwe.Bamutumako araza arazirotora .Umwami aca amushira hejuru aba aratabawe.
*Bakundwa naho isezerano ryoteba;Imana ntigabitanya ngo ihemuke canke ngo yivuguruze k’uvyo yakubwiye.
Ico dukwiye n’ukwitandukanya n’ibidushuka.Tukizigira Yesu wenyene kuko niwe nyandiruko yo kwizera kwacu. Igihe kigeze Imana iratabara.
Yesu abahe umugisha.
Ev. KANYONGA MARIE Rose