Ibanga rituma uramira mugakiza – Ev. NIJIMBERE Spès

Amahoro neza Benedata.

Ni mweneso NIJIMBERE Spès mugiye kuganira kwijambo ry’Imana.

Iryo Jambo rikaba riri muri 1 Timiteyo 4:15-16 « Ivyo ubishireko umwete,uvyamemwo,kugira kuja imbere kwawe kubonekere bose.Wirinde ubwawe no kuvyo wigisha wame ushishikara ivyo kuko niwagira utyo,uzokwikizanya nabakumva. »Iryo Jambo nkaba narihaye insanganyamatsiko canke Topic yitwa:Ibanga rituma uramira mugakiza.

Uwo Timoteyo rero yari umwana wa Paulo mumwuka bagendanye neza cane,bituma amuha impuguro zikwiye.

Iki cigwa nogiha ingingo zishika kuri zine nabonyemwo zofasha umukristo.

Ingingo yambere ikaba ari « Umukristo agenda neza iyo yatanguye neza »Umukristo kugira akure muburyo bw’impwemu ategerezwa kuba arya ijambo ry’Imana akongera agasenga,nico gituma Paulo yashishikariza Timoteyo ngo abishiremwo umwete yongere avyamemwo.

Reka turabe ingingo igira kabiri muri urwo rugendo rw’umukristo,twibaze aho imbaraga z’umukristo zobonerwa.Iyo umuntu agize umwete wo kubibamwo arakura akagirira Imana n’abantu ikimazi,agashishikara kwera imbuto

Dushishikare kungingo yagatatu turabe imbogamizi zituma umukristo atagira iterambere muburyo bw’impwemu;iterambere isi ya none igezemwo riri mubituma tugwingira mumwuka iyo tutabaye ,nk’urugero Umukristo atabaye maso muburyoumwanya akoresha ikoranabuhanga,ashobora gusanga yatakaje cane,ivy’iterambere arivyo bifise ikibanza kinini.

Ninaco gituma muri 2 Petero 1:5-8 havuga ngo« Mbere kubwiyo nyanduruko nyene ,ubwanyu mushiruke umwete gose;ukwizera kwanyu mukongereko ingeso nziza ;ingeso nziza muzongereko ubwenge ;ubwenge mubwongereko kwirinda ;ukwirinda mukongereko kwihangana ;ukwihangana mukongereko kubaha Imana ;ukubaha Imana mukongereko gukunda benedata;gukunda benedata mukongereko urukundo.Kuko namba mugira ivyo,bikagwira ,bituma mutaba abanyabute canke ingumba kuvyo kumenya neza Umwami wacu Yesu kristo »Murabona rero ko umukristo akwiye kuguma abandanya aja imbere atamwanya woguhagarara uhari kugira ntagwingire.

Reka tuje rero kungingo ya kane ari nayo yanyuma dusozerezako.Tuyisanga muri rya jambo Paulo yabwira Timoteyo ngo wirinde ubwawe no kuvyo wigisha.Ni ikintu kibi cane kubona umukristo atirinda kandi akongera akaba ahora yigisha abantu,aho kuba icitegererezo no kwereka abandi inzira ija mwijuru azibira inzira kuko atuma benshi batsitara bakavyanka.

Muncamake rero,muri uru rugendo rwo kuja mwijuru bisaba kubishiramwo umwete,tukabigumamwo,tugashiramwo n’ukwirinda,niho kuja imbere kwacu kwobonekera bose.

Ev. NIJIMBERE Spès