Igisomwa: Luc 17 :11-19
« Maze bari mu nzira baja i Yerusalemu, aca hagati y’i Samariya n’i Galilaya. Ashitse mu mihana, asanganirwa n’abanyamibembe cumi, bahagarara kure, baratabaza cane, bati Yesu, Mwigisha, tugirire imbabazi. Ababonye arababgira, ati Ni mugende, mwiyereke abaherezi. Bariko baragenda barakira, barahumanuka.
Umwe muri bo, abonye akize, agaruka ahimbaza Imana n’ijwi rirenga; yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramushima: kand’ uwo yar’ Umusamariya. Yesu arabaza, ati Ntibahumanutse bose ukw ar’icumi?
Abandi cenda bari hehe? Nta bandi babonetse ngo bagaruke guhimbaza Imana, atar’ uyu munyamahanga? Kand’ aramubarira, ati Va hasi, ugende; ukwizera kwawe kuragukijije. »
Yesu ni umwigisha mwiza. Ahantu hose yaca yaba afise intumbero y’igikorwa agomba gukora. Yaciye aho hantu mu rugabano( frontière) kugira atabare abantu bari bahagorewe.
Muri aya amajambo tubonamwo ahakuru Yesu n’abanyamibembe cumi.Mfise ikibazo, mbega uramaze kuja mu kibazo gikomeye cane aho utakambira Imana n’ijwi rirenga ?Mbega imaze kukwishura waragarutse gukenguruka no guhimbaza Iyagutabaye ?
Abanyamibembe baba barwaye cane, barashuha kandi baba bafise intege nke mu mubiri. Naho bari bameze gurtyo amajwi atagisohoka, barinanase barasemerera n’ijwi rirenga bati Yesu tugirire imbabazi. Umutwaro kugira uwishurwe ubanza kukuremera hanyuma ukarondera uwavuze ngo abarushe n’abaremerewe muze ndabaruhura. Matth 11 :28
Tubona Yesu ico yaciye akora. Yababwiye ati genda mwiyereke abaherezi nabo baca baragenda. Aha tuhasanga ijambo rikomeye ryo Kwizera. Ntabiganza yabarambitseko, yaravuze gusa nabo baravyizera ko bashika ku baherezi bakize.Mu bisanzwe abaherezi nibo bemerera abanyamibembe gusubira muri société hamwe n’abandi bakabaha icete cemeza ko bahumanutse. Abo banyamibembe uko ara cumi bose bashitseyo bakize barabasuzuma basanga ni négatif basanga barakize neza.
Muri abo cumi harimwo umwe atasa n’abandi. Yakomoka muri samariya. Aho hantu naho yaharwariye wewe yarafise ukundi abo bari barwaranye bamunena kuko yari umusamariya.
Kandi hariho inyigisho yavuga ngo agakiza ni akabayuda gusa. Atahura, kandi niko vyari biri ko yagiriwe Ubuntu budasanzwe (Grâce mururimi rw’igifaransa) aca yumva yoshimira caaaaane uwamukuye kw’imibembe.Bibiliya iravuga ngo uwahariwe vyinshi agira urukundo rwinshi.
Yaciye agaruka kurondera Yesu, akoresha rya jwi nyene ryari ryararushe kubera uburwayi ahimbaza Imana n’ijwi rirenga ashimira Yesu umukiza. Mururimi rw’igifaransa bakoresha ijambo ryiza ngo Rendre Grâce. Yagarutse gusubiza iciza Uhoraho yamukoreye. Ngo ahimbaza Imana n’ijwi rirenga.
Hariho umurongo muri Zaburi 50 :15 uvuga ngo uzonyambaze ku munsi w’amagorwa nzogukiza nawe uzompesha icibahiro.
Akenshi tuza ku Mana dufise ibitugoye, ibituremereye cane tukayisenga tubabaye turira dusezerana n’amasezerano menshi. Nayo ikatwumva ikadukiza ayo magorwa. Ariko abagaruka hamwe bapfukama basenga ni bake cane.
Mwibuke Hana ingene yasenze asaba umwana. Imana imaze kumwishura yaragarutse gushitsa isezerano yasezeranye aravuga ngo nijewe wa mugore nasenga mbabaye umwana nasavye Uhoraho ng’uyu kandi ndamushikaniye Uhoraho nk’uko nabisezeranye.
Ico kintu uwo mu samariya yakoze caratangaje Yesu aravuga ngo harya ntabari cumi ? None hagarutse umwe gushima ?Aramubwira ati haguruka witahire ukwizera kwawe niko kuragukijije.
Uko kugaruka kw’umusamaliya kwatumye n’umutima wiwe ukira, agira amahoro menshi asubira mu biwabo ashingira intahe Yesu yamukijije.
Mu gusozera hari ibintu bitanu twabonye ngaha muri aya majambo :
• Gutabaza Yesu mu gihe c’amagorwa
• Ukwizera Yesu kurakiza ingwara
• Agakiza tukaronka ku buntu bivuye ku kwizera umwana w’Imana
• Iyo Imana idukoreye ivyo twayisavye dukwiye kugaruka gukenguruka
• Hari ikintu abagaruka barusha abatagarutse gukengurukira Imana.
Woba warasengeye ikibazo kanaka ukaba warishuwe ? None warasubiuye hamwe wapfukama uzanywe no gukengurukira imwe wambaza ? Imana iguhezagire mwenedata wabikoze. Ariko nawe utarabikora amahirwe aracariho urabikora biranezera Imana.
Yesu Kristo abahezagire.
Ev. MPANGAJE Alain