Gushimwa n’Imana- Ev. Ntirandekura Côme

 Ndagomba dusangire Ijambo ry’Imana ryanditse mu gitabo c ‘Itanguriro 6:1-12.

1️. Icatumye Imana ishima Nowa:-Yari Umugororotsi

            -Ntiyagira agasembwa

              -Yagendana n’Imana

2️. Igihe Nowa yarimwo cari igihe abantu ingeso zabo zari zononekaye kuko batari bacunvira Mpwemu,basigaye birongora bakitoraniriza ivyo bashimye.

3️. Iyo umuntu atarongorwa n’Imana arirongora na Satani akamwereka vyinshi bigaragara ari vyiza ariko bikazomuzanira ingorane (gutandukana n’Imana).Akarorero:Itanguriro 13:10

4️. Umuntu w’Imana arasenga akarongorwa n’Imana ntarongorwe n’ivyiyunviro vyiwe,ivyabona canke Satani ariko akaraba Imana agakora ivyo Imana imubwiye canke imweretse.Akarorero :Itanguriro 13:14-

5️. Satani yama azana kuri buri wese vyinshi imbere yiwe kugira bikunde abikurikire kandi ingaruka ikaba mbi.Akarorero ni Loti.

6️. Ariko abagendana n’Imana bamenya ibikwiye bakirinda ivyifuzo bibi n amosha ya Satani.

7️.Na Yesu Umwami wacu Satani yaraje kumwosha (Matayo 4:8-9)ariko ntiyamwemereye .

Ijambo ry’Imana ritubwira ko Yesu yatubereye akarorero (Efeso 2:5-) kandi tumenye Ijambo ry’Imana ribe muri twebwe rigwiriye.

None mwene Data muri ino si imezuku ,Imana ikwitegereje iragushima?

Uriko urongorwa na nde?

Uriko uragendana n’Imana?

Ikuravye nta gasembwa?

Nowa Imana iramushima ica imubwira ico igira ikore ,imugira n’inama yokubaza ubwato kandi abikora nkuko Imana yamubwiye.Itanguriro6:22

Gukora uko Imana yamubwiye vyatumye Nowa n ‘umuryango wiwe   barokoka umwuzure wamaze abantu.

Ni twagendana n’Imana tuyunvira izoturinda ivyago kandi izodushikana mu gihugu yadusezeraniye.

IMANA IBAHEZAGIRE

Yari mwese so

Ev Ntirandekura Côme