Dutumbere Yesu wenyene – NZEYIMANA Tiffany

NZEYIMANA Tiffany nkaba nubatse ndu mu maman wabana 6 mfise n’umutware

Ubu tuvugana nkaba nsengera mwitorero rya CEPAC BANDAL iri Kinshasa.

Reka tudatinze dusangire ijambo ry’Imama Riri mugitabo c’abaheburayo 12: 1-2.1 ” Nuko natwe, ko dukikijwe n’igipfungu c’ivyabona kingana girtyo, twiyambure ibituremera vyose, n’icaha gikunda kutwizingirako vuba, dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye, dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.”

Intego nahawe ngo dusangire ivuga ngo DUTUMBERE YESU WENYENE”

Abigisha ba bibiriya baravuga ko uwandiste iki gitabo c’abaheburayo atazwi ariko ko candikiwe abakristo bamaze igihe kitari gito babwirijwe ubutumwa bwiza kandi Yuko hari mubihe bitoroshe vyakarengane.

Aha rero twasomye mwabonye KO hatanguzwa ijambo rivuga ngo ” NUKO” iri jambo abize ivya littérature baravuga ko rikoresha iyo umuntu yabanje kwerekana ingingo zemeza ico agiye kuvuga” Naha turabona KO umwanditsi mugice ça 11 yabanje kwerekana ababaye abahizi mukwizera aca avuga rero iri jambo ngo NUKO KO dukikijwe nigipfungu c’ivyabona kinganga gutyo….

Reka turabire hanwe igikorwa iyo dutumbereye YESU WENYENE:

1. Utumbereye YESU WENYENE agucira inzira Aho itari canke Aho ubwenge bw’umuntu butogera( KUVAYO 14:15-16)

Aha vyaboneka kwatanzira yogutabarwa abisirayeli Bari bafise Kuko imbere hari ikiyaga inyuma ingabo za Pharaon zari zije zibakurikira Mose atakira Imana nayo yugurura inzira mukiyaba abisirayeli bahajabuka nkabaca kumusozi . Mubwenge bw’umuntu ivyo vyabona bidashoboka.

2. Dutumbereye YESU wenyene ntitugira gukekeranya canke guteshwa ubwoba nivyo tubonesha amaso ahubwo twizera imbaraga za YESU CHRISTO( Matayo 14: 24-31).

Petero amaze gutambuka intambwe mukiyaga maze akarabisha amaso imiyaga mukiyaga vyamuteye kwibira mumazi kubwo kwizera guke.

3. Dutumbereye YESU wenyene tunesha ivyaha( itangiriro 39)

YOSEFU yanse gusambana n’a mukapotifari kubwo kwizera Imana bimutera kwanka gukora icaha nubwo yarazi neza kwatawumubona Kandi yarazi KO kuvyanka biza kumutera amakimbirane na inabuja ariko ahagarara neza yanka gukora icaha. Amaherezo murazi ko yabaye mukuru mugihugu ça Egiputa.

4. Dutumbereye YESU WENYENE murugendo ntiducogora:

Turabona mugitabo c’umugenzi Aho mukristo yabajije Vyizigiro uko amazi angana muburebure nawe amwishura  ngo bivana n’urukundo ukunda uriya mugwa ninako twasomye  ngo ” kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo”

Nuko bene DATA muze dutumbere YESU WENYINE  n’ubwo ibahe tubona biters biguma tugumye ico twakiriye ntitunyiganyizwe n’ivyo tubonesha amaso ariko dutumbere YESU WENYENE NIHO:

-. YESU ADUCIRA INZIRA AHO ITARI

– TUTAGIRA UBWOBA NIVYO TUBONESHA AMASO

– TURONKERA IMBARAGA ZO KUNESHA IVYAHA

– NTIDUCOBOGORA MURUGENDO RWO KUJA MWIJURU.

Wewe wunvishije aya majambo wunva wosengegwa kugira ushobore gutumera YESU wenyene kumbure woba uriko uteshwa ubwoba nivyo wunva canke ubonesha amaso ufatanye nanje muriri nsengesho “…..”

YESU abahezagire mwakoze ko mwemeye ko dusangira aya majambo.

EV. Nzeyimana Thiphanie